Monna walda ashobora gutwara imbere y’ubutungane umuririmvyi Bainturo kubera ivyo aheruka kumukorera.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Monna yijeje umumenyeshamakuru Dacia Munezero ko atazokwihoza ibiheruka kumubako. Aho ni mu gihe uwo mumenyeshamakuru yarahejeje nawe kumenyesha ko ubwana bwafutse umunwa inyuma y’ukubona ivyari vyakorewe Ishusho ryiwe.
Dacia yari yagize Ati : ” Ejo Nararengewe ndabira ico mvuga, donc ubu Créer le Buzz, umuntu Ari permetta gupublia Des photos ziri photoshopés z’umuntu Ari gusa??? En us akamugira afise inda??? WTF?!! Maaan hari abantu bimenyeraaaa walahi! @mow_kanzie ne laisse pas ça passer comme ça vraiment, n’abandi boca babona ko Ari ibisanzwe bakabibandanya.”
Imbere yaho Monna akaba yari yasavye abamukurikirana nimba Hari uwoba yarabashije gufata amasanamu y’iyo ndirimbo ya imbere yuko ayikura kuri YouTube, ngo ayamuhe.
Mu maso ha Monna Walda hakaba hari habonetse hashizwe ku mubiri w’umugore yibungenze ariko Kandi Ari gusa. Iryo shusho rigirwa Cover y’iyo ndirimbo ariko Kandi binashirwa mu masanamu y’iyo ndirimbo.