5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiSat-b yakwije abamukurikira 100,000 kuri YouTube

Sat-b yakwije abamukurikira 100,000 kuri YouTube

Inyuma y’ugukwiza abantu 100,000 ku rubuga rwiwe rwa Instagram, n’ama views arenga 2,500,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube ku ndirimbo Beautiful yakoranye na Meddy, uwo muririmvyi abandanya akora ibikora inka. 

Sat-b uno musi akaba ariwe muririmvyi wa mbere akwije abantu 100,000 bamukurikirana ku rubuga rwa Youtube nkuko twabashije kubibona kuri urwo rubuga.

Sat-b ntaco arashikiriza kuri iyo yindi ntambwe ateye, ariko Kandi hakaba hakirindiriwe Indirimbo yakoranye na Otile naho yaciye aba arasohora ya ndirimbo yakoze imbere yuko Otile ashika hano iwacu.

Iyo ndirimbo ya Sat-b yise Forgive me ikaba itabashije kuboneka ku rubuga rwa Youtube ahubwo abantu bakaba bariko barungikwa ku mbuga zigurisha umuziki hirya no hino kuko ariho iyo ndirimbo yabanje gushirwa, ubwo tukaba twiteze ko ashobora kuzoyishira ahabona aruko ayikoreye amasanamu.

Mwomenya ko Sat-b yararembejwe n’abafana biwe kuko yaramaze igihe kitari gito adashira ahabona Indirimbo yiwe nshasha.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...