5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiElvis mapozi ahanura Urwaruka kworora mu gihe we asanzwe ari umudadaza w’ibirato

Elvis mapozi ahanura Urwaruka kworora mu gihe we asanzwe ari umudadaza w’ibirato

 Nimbona Elvis Benshi Bamenye nka Elvis Mapozi ngo ntaco yapfuye n’umuziki nico gituma adashobora kuvuga nabi umuziki naho uno musi atakiriko arakora cane. 

Uwo muririmvyi wa kera avuga ko uno musi umuziki abashije kuwukora nk’akazi, ngo ntacobuza atawukora, kuko aho hambere icatumye ashima gucagura kudadandaza gusumba kuririmba ngo nuko yabona ko arivyo bishobora kumubeshaho neza gusumba uko umuziki washobora kumubeshaho.

Elvis akaba mu kiyago yagiranye na Jimbere Magazine yavuze ariko aritegura kuzokwubaka ayandi mateka naho atatomoye ko ari mu muziki canke mu bindi.

Elvis yanagiriyeko ahanura urwaruka kwijukira kworora kuko ari bikorwa bishobora gufasha uwubikora guha akazi abantu benshi.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yamenyesheje ko indirimbo yabatwaye amafaranga menshi ari Autop bakoreye I Kigali aho bari bagiye gukora igiteramo barikumwe naba Fariouz n’abandi benshi, ariko ikibabaje ngo nuko ari nayo ndirimbo itamenyekanye cane nk’izindi zabatwaye uburyo buke.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...