5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiLandry Promoter na Aubinlux ngo nibo ba mbere Jisho yakoreyeko 

Landry Promoter na Aubinlux ngo nibo ba mbere Jisho yakoreyeko 

Uwutarabona isanamu ryakozwe n’umuntu yitwa Jisho Reigns n’uwudakoresha cane imbugahwaniro zigize igihe zikunzwe nka Instagram na Facebook. 

Mu kiyago yagiranye na Hugues Safari, Jisho yavuze ko ako kazi yagatanguye haraheze umwaka n’amezi ashika kuri 5. Jisho ngo yabitanguye amaze kwiga ibijanye n’ugukora amasanamu (Videographie).

Ishusho (Video) rya mbere yakoze ngo ryari iry’umu Youtubeur Landry Promoter agiye kuvumbura Aubinlux, noneho arakubitwa. Ico gihe Jisho avuga ko ako ka Video kakunzwe cane ariko abantu ntibamenya uwagakoze, icamubabaje bikomeye.

Jisho ngo yahisemwo gutangura gushiramwo ikimenyetso (Logos), niko noneho gutangura kumenyekana. Nayo izina Jisho ngo rikomoka ku ntebe y’ishure kuko arico gihe yarihawe, imvo ngo nuko yakunda gucapa ijisho.

Jisho ngo nta wumuzi kuko bamuhanuye ko ivyo akora abikoze atawumuzi ngo niho vyokundwa cane gusumba.

Jisho uno musi ngo ntaratangura kwinjiza amafaranga kubera ivyo akora, ariko ngo ico bimaze kumuha n’ukumenyana n’abantu, kuko ibihugu atagiramwo abo bazinanye ngo ni mparurwa.

Jisho akaba akoresha imbuga za Facebook, Instagram na Youtube. Gushika ubu Jisho afise abantu bamukurikirana barenga barenga 150,000 kuri izo mbuga zitandukanye.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...