Inkino

# indundi Sports| Cedric Kaze arashima ukuntu yagarutse muri Yanga africans aca atwara igikombe

Inyuma yo kugaruka nk’umumenyereza agira kabiri mu mugwi Young Africans Cedric Kaze yashimishijwe n’igaruka ryiwe agaca atwara igikombe ca Ngao ya Jamii .

Urwo rukino benshi barwita Derby yo muri Kariako mu gihugu ca Tanzania rwahuje imigwi ibiri ikunzwe cane ariyo Young Africans hamwe na Simba Sc rukaba rwari urukino rwa nyuma aho Yanga Africans yatsinze Simba Sc igitsindo 1-0.

Abicishe ku rubuga ngurukanabumenyi Faceebook, Cedric Kaze yagize ati: «Ni intango nziza igikombe ca mbere kirabonetse ariko tubandanye twitegurira urukino rwa mbere rw’ihiganwa rikuru ruzoduhuza na Kager Sugar ».

Kagera Sugar ikaba ari nayo yaguze umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Styves Nzigamasabo .

Mwomenya y’uko Cedric Kaze ubwa mbere yari yirukanywe muri uwo mugwi Yang Africans igihe yari nk’umumenyereza mukuru muri kino gihe yagarukanywe nk’icegera.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53