5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanze#Indundi Sports| Hussein Tshabalala ahejeje kumaramaza Musanze Fc

#Indundi Sports| Hussein Tshabalala ahejeje kumaramaza Musanze Fc

Umukinyi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tshabalala ahejeje kumaramaza Musanze Fc mu kuyitsinda ibitsindo bitatu (3) wenyene.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Nyakanga 2021 , umugwi As Kigali wari waramutse wakiriye umugwi Musanze Fc mu rukino rwa kivandimwe, urwo rukino rwarangiye As Kigali inyagiye Musanze Fc ibitsindo 4 kuri 1.

Muri ivyo bitsindo bine vyose, bitatu vyinjijwe na Hussein Shabani Tshabalala ica kane cinjiza Abedi.

Mwomenya y’uko Hussein Shabani Tshabalala mw’ihiganwa riheruka yabaye umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi gusumvya abandi akaba yari yanganije n’uwitwa Robert Saba yakina muri Kiyovu Sports muri kino gihe bakinana muri As Kigali.

 

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...