Inkino

# Indundi Sports | Nshimirimana Ismael agiye gukinira Kiyovu Sports

Uwahora ari Kizigeza wa Rukinzo Fc Nshimirimana Ismael yaguzwe mu gihugu c’Urwanda mu mugwi Kiyovu Sports .

Ismael akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Kiyovu Sports mu kiringo c’imyaka 2 akaba yaguzwe imiriyoni 10 z’amanyarwanda.

Uwundi mukinyi w’umurundi yashoboye kugurwa muri Kiyovu Sports ni Bizimana Amissi Coutinho bigeze gukinana muri Rukinzo ariko akaba yahora akina mu gihugu ca Kenya mu mugwi Sofapaka .

Mwomenya y’uko abo bakinyi basanze bagenzi babo b’abarundi muri uwo mugwi Kiyovu Sports aribo , Bigirimana Abedi hamwe na Ngando Omar ndetse n’umumenyereza Haringingo Francis Mbaya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 216