HomeKigingi ngo ntabona Marina umukunzi wiwe nk’umunyarwandakazi
Array

Kigingi ngo ntabona Marina umukunzi wiwe nk’umunyarwandakazi

 Kigingi ngo abarundi bari bamurembeje ngo narongore, ivyo uwo munyarwenya akaba yabiyagiye kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho yari yaronse akanya inyuma y’urubanza rwo gusaba no gukwa vyabereye I Kigali.

Kigingi mu kiyago na Julius Chita yavuze ko hageze igihe akibaza ko abarundi boba babamutumye, kuko ngo n’uwutararanarota arongora ngo yaguma amuhatira kubikora.

Muri ico kiganiro nyene, Kigingi yarahakanye ko Mataratara Marina uwugiye kuba umutambukanyi wiwe ngo kuriwe ngo ntamubona nk’umunyarwandakazi naho afise umwe mu bavyeyi biwe ari umunyarwanda, ariko ngo amubona nk’umurundikazi mwenewabo.

Kigingi muri ico kiganiro yaranagarutse kandi kuco abantu benshi bagize igihe bakora, aho baja gukorera ubugeni I Kigali bakambara imyambaro ndangakaranga y’abanyarwanda kandi ari abarundi. Kigingi avuga ko we atashimye kubikora kuko atabona akamaro kavyo, ariko kandi ngo ntiyanamaye imbega kuko ngo ashobora kuba azifitiye uyundi mugambi.

Uwo mugabo yatahutse I Bujumbura kuri uyu wa 2 akaba yaranse kuvuga umusi w’ubugeni, ariko ngo bwo buzobera I Bujumbura.

- Advertisment -

Must Read

Soixante millions de francs burundais accordés au Flambeau du Centre.

0
Le président de l'équipe Flambeau du centre de Gitega a accordé 60 millions de francs burundais aux joueurs et au personnel de l'équipe. La...