5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiKidum yankiwe gufata inkoho mu 1995 

Kidum yankiwe gufata inkoho mu 1995 

Itiro na se ngo ni bimwe mu vyatumye uwo mwanditsi wa Yaramenje adafata inkoho, canke ngo agandagurwe nk’incuti ziwe za hafi 17 ziciwe mu kibira zigiye kuraba inkumi i Bubanza, hiketswe ko zoba zigiye mu migwi yagwana ico gihe.

Imbere yuko Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum ahunga igihugu akerekeza muri kenya, ngo ibintu ntivyari bimworoheye ngaha iwacu. Ico gihe ngo hari mu myaka 1995.

Muri ico gihe wategerezwa guhitamwo kuja kugwana, canke gupfa uriko urahunga. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabivugiye muri kimwe mu biganiro vyo muri Kenya. Kidum yavuze ko se atamukundiye ko aja ku rugamba, ahubwo yamubwiye ko yotuma aja kuvuza ivy’imiziki, hako aja ku rugamba, naho nawe yari mu batemera ko ivy’umuziki yavuza.

ʺIntambara yari yamaze gutangura, ubwicanyi ahantu hose,…, abanyeshure bicana kubera ivy’ubwoko. Abagenzi banje bumva ko bafise inguvu baciye baja ku ruhande rw’abagwanya Leta, abandi baja ku ruhande rwa Leta y’ico gihe, icari gihari kwari ukwiga kurasa, noneho ukifatanya n’abagwana, canke ugapfa uriko urahunga n’abandi.

Umwana w’imyaka 21, wumva ikindi cari igiki? S’ukukwifatanya n’abariko bagwana ? Ariko data arambwira ati oya, genda ukore akazi k’umuziki kamwe wakunda gukora ukiri muto, nawe yari mu batavyerekwa ico gihe, hako ndakubona uriko ufata inkoho genda uvuze umuziki. Ntiyashaka ngo ninjire muri ivyo bintu.ʺ 

Muri ico Kiganiro uwo muririmvyi yanavuze ko muri iyo ntambara, hari abana bigana mu Kayanza bishwe kubera kwikekwa ko boba bari bagiye mu migwi yagwana, mu gihe bari bagiye i Bubanza gutemberera ikigo c’ishure gishasha ngo bironderere inkumi. Abo banyeshure ngo biciwe mu Kibira kuko ariho hari inzira ya hafi kuko bagenda n’amaguru.

Mwomenya ko uwo muririmvyi kuva ico gihe aba muri Kenya aho asanzwe akora akazi ko kuvuza umuziki kuva ico gihe, uno musi akaba aharurwa mu baririmvyi bakomeye baririmba neza muri ico gihugu naho ari umunyamahanga. Kidum akaba kandi asanzwe gushika n’ino saha akoresha murekarengane (Passport) y’uburundi.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Umugwi Geita Fc waraye wirikanye Etienne Ndayiragije

0
    Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije ntakibarizwa mu mugwi Geita Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania . ku musi w’Imana igenekerezo rya 24...