IKIRUNDI_news

Lolilo yatanze imfashanyo y’amakaye

 Inyuma ya Iry Tina aheruka kuja gufasha abatishoboye mu ntara ya Kayanza, ubu naho Lolilo yatanze amakaye ku banyeshure biga mu mashure mato mato mu gisagara ca Bujumbura. 

Ico gikorwa cabereye kuri Zone Kanyosha muri komine muha, kikaba cabaye uyu musi mu gatondo. Akaba yahaye nkuko yavyanditse abanyeshure bamwe bo ku mashure 3 y’iyo zone.

Mu butumwa yatanze, yashimiye abatware bamufashije muri ico gikorwa mu kumuhuza n’urwo rwaruka rwari rufise ico rubuze mu bikoresho vy’ishure.

Yanditse Ari : “Uwanka agakura abaga umutavu. Fasha umwana kuko niwe kazoza k’ejo. Merci Chef de zone Kanyosha et les Directeurs des 3 différents écoles. Les enfants muzokwige mumenya.”

Mwomenya ko Lolilo asanzwe afise Indirimbo nshasha aheruka gushira ahabona yise Nganganiya, ariko hakaba hari n’izindi zitari nke zikirindiriwe amaze kuvuga ko zihari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 514