IKIRUNDI_news

Fortran Bigirimana agiye gusohora Indirimbo yakoranye na James & Daniella abanyarwanda

Indirimbo yari yajanye Fortran Bigirimana I Kigali mu Rwanda imbere yuko asubira mu bufaransa, ngo izoja ahabona Vuba cane. Ivyo nivyo uwo muririmvyi yashize ahabona kuri uyu wa gatandatu abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Ishusho ry’integuza y’indirimbo y’uwo muririmvyi yakoranye n’umugwi w’abaririmvyi 2 b’abanyarwanda James & Daniella, rikaba ryerekanye ko bazoyishira ahabona igenekerezo rya 10/10 nyene.

Iyo ndirimbo ikaba izoba ije isanga iyo yari yakoranye n’uwundi munyarwanda nyene ariwe Adrien Misigaro ariwe Birakwumvira imaze amezi 3 ishizwe ahabona. Iyo ndirimbo bakaba bari bayikoreye muri Belgique nkuko yabiyagiye kimwe mu binyamakuru vyo muri Kano karere.

Uwo muririmvyi akaba hagati Aho, Hari Indirimbo zitari nke zashizwe ku rubuga rwiwe rwa YouTube, zirimwo ama Live yakoze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 216