5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiMu kwezi 1, Nzoduga ya Double Jay yakwije Views 300,000

Mu kwezi 1, Nzoduga ya Double Jay yakwije Views 300,000

Mu kwezi kumwe gusa, Indirimbo Nzoduga ya Double Jay yamaze gukwiza Views 300,000 ku rubuga rwa YouTube rw’uwo muririmvyi. Iyo ndirimbo ikaba ariyo ya mbere inyuma y’aho aviriye muri Management ya Bantu Bwoy. 

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram yashimiye abafana biwe kuba batamutereranye, noneho bakamubaha hafi banamuha gushikana izo Views mu mwanya muto nk’uwo.

Yagize Ati : ” 300K IN ONE MONTH ⛽🔥🔥🎬 Hano iwacu ntibiba vyoroshe ariko kubwurukundo mukunda ibikorwa vyanje mura gerageza kuntera iteka mukanshigikira nkisanga mubaririmvyi barabwa cane kurubuga rwa #youtube 🙏🏽 Ndabashimiye cane bivuye kumutima ariko Nubwo urugendo ari rurerure Ntimucike intege mukomeze mushigikira abaririmvyi b’igihugu natwe dukwize ama miriyoni mugihe gito nkuko abandi babigezeko natwe tuzobigerako.Ndabashimiye kandi ukuntu mwakiriye indirimbo #Nzoduga mukayikunda. 🙏🏽 ”

Iyo ndirimbo ikaba iciye ifata ikibanza ca 3 mu ndirimbo za Double jay zisanzwe zimaze gukurikiranwa cane kuri urwo rubuga rukurikirwa n’abarenga gato 42,000. Iya mbere n’iya kabiri akaba Ari Nopfa yakoranye na Kirikou, na Kwiti kwiti imaze gushikana views zirenga 700,000.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yamaze gusubira muri Studio, nkuko aheruka kuvyerekana ku rubuga rwiwe rwa Instagram muri Stories Aho yabonetse ariko ashira amajwi mu ndirimbo tutarabasha kumenya nyeneyo.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...