Kingorongoro ngo amaze imyaka 3 adahonyoza ikirenge muri Bus. Ivyo uwo musore wacu yabishikirije mu kiganiro na Hosy Aho bariko bavuga ku buzima abamwo.
Uwo muririmvyi uno musi aharurwa mu bafise ingendeshwa, ngo impamvu yatumye ahagarika kugira muri Bus ngo nuko aba yahindutse imboneshakure.
Muri ico kiganiro, yanagarutse Kandi ku mpamvu nyezina yatumye ahagarika kwururira imodoka zitwara abantu n’ibintu.
Yagize Ati : “Icatumye mpeba Bus, urazi baba convoyeur bo ku mutakura, brother brother brother (uburyo bahamagara), ndavuga nti uyu mu Brother arampamagaye nanje ndiko nja town, reka ngendeyo.
Ndinjira muri Bus, dushitse kuri foyer, wa mu convoyeur atanguye gusaba inoti, nanje ndiko mu mufuko ngo ndamuhe, aca arayanka. Ngo Brother Niko fana wako, muri bus nta numwe yararinzi, ariko yatumye abantu Bose bamenya ko Kingorongoro yuriye Bus. Nabonye ko Ari urukundo, amu nyuma ndabona nti aka n’agasuzuguro.”
Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko iyo Modoka ayimaranye igihe, ariko ngo we adaha agaciro ko guca yamamaza agashira ku mbuga zitandukanye, asanzwe akoresha.