5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiBoris Manager wa Tetero aheruka gufatwa na Polisi y'Urwanda I Kigali 

Boris Manager wa Tetero aheruka gufatwa na Polisi y’Urwanda I Kigali 

Boris Evrard Manager wa Tetero muri ino misi agize igihe abarizwa I Kigali mu Rwanda Aho amaze gutemberera Ibigo bitandukanye, birimwo n’ivy’abarundi basanzwe bakorera I Kigali, ngo yarafashwe n’igipolisi umwanya mutoya muri ino misi.

Uwo musore asanzwe yisumamwo muri Canada, yanditse ku musi w’ejo ko yafashwe n’aba Polisi I Kigali, kuko ngo yarafatanye n’umukobwa. Ngo ntibamugumanye umwanya munini, ariko ngo mu mwanya muto bamugumanye barafashe umwanya baramwigisha ibijanye n’amategeko yo mu bihe vya Corona I Kigali.

Yagize ati : “… Police yarampagaritse, motif ngo mfatanye ukuboko n’umukobwa, baramfunga Klk minutes! Barambajije ko nzi amabwirizwa ya Covid, baca basubira kunyigisha gushasha!…” 

Boris amaze imisi I Kigali, akaba yarashimye Aho Kigali igeze mu guhimiriza abantu ibijanye no kwikingira ico kiza kigeramiye isi, akaba yavuze ko abantu Bose bambara udufukamunwa ata wuvuyemwo.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Umugwi Geita Fc waraye wirikanye Etienne Ndayiragije

0
    Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije ntakibarizwa mu mugwi Geita Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania . ku musi w’Imana igenekerezo rya 24...