Sat-b ngo ntawe agira bangana bohangana mu muziki hano iwacu, uwo muririmvyi yabiyagiye kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.
Yagize Ati : “Terrain ndayizi, Hari n’ukuntu nkina n’abakinyi bato bato. Nkinira mu kibuga kigaragara, bivanye na step yanje n’uko niyumvira, n’ibindi uko bipanze. Biroroshe. Sat-b ndakeneye abantu dukubitana, Nico gituma mara n’amezi ntasohoye Indirimbo, ariko buri mwaka nkazana akabirya, rero biroroshe ikibuga ndakizi Kandi ndagikinako vyoroshe, kuko nzi abantu Kandi nzi n’abo dukinana.”
Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe yaramaze igihe adakora ikiganiro na kimwe haba ku nsamirizi, no mboneshakure mbere no ku mbuga ngurukamabumenyi.
Mwomenya Kandi ko uwo muririmvyi abishikirije mu gihe yaheruka gushira ahabona Indirimbo nshasha yise Forgive me Kandi hari n’iyindi ikirindiriwe bakoranye na Otile Brown.