5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiFabrice Nzeyimana n'umufasha wiwe bazanye iyindi YouTube Channel

Fabrice Nzeyimana n’umufasha wiwe bazanye iyindi YouTube Channel

Urubuga rwa YouTube rushasha rwamaze gushingwa, urwo tukaba turukesha umuririmvyi Fabrice Nzeyimana n’umufasha wiwe aho bagiye kuzoza basangiza ababakurikirana ibintu bitandukanye.

Kuri Post yakoze ku mbuga ngurukamabumenyi asanzwe akoresha, yasavye abantu kuja gukora Subscribe kugira ibintu bishasha bitazobacika.

Video ya 1 yashizweko, yerekana ivyo bazoshira kuri urwo rundi rubuga buguruye, inyuma y’izindi zitari nke basanzwe bafise mu ntoke.

Urwo rubuga rwavutse igenekerezo rya 12/5/2021, ruzoshirwako impanuro, ibikorwa bitwengeje bazokora, ibikorwa vyo guhimbaza no gutazira bazokorera muhira, impanuro ku baririmba, uburyo bandika Indirimbo, Ibishingantahe, inkuru ziri inyuma y’indirimbo zabo n’ibindi.

Uwo muririmvyi kuri iyo Post  ntiyamenyesheje ururimi ruzokoreshwa canke ryari bazoza bashirako ama Video.

Uwo muririmvyi akaba atabaye uwa mbere, kuko uwundi muryango nyene ubarizwa I Kigali w’umurundi Fleury Legend n’umukinyi w’amareresi Janet Bahavu nawo ufise iyo bashirako ibikorwa bitandukanye n’akazi basanzwe bakora.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...