Rebecca Metusela ngo mu migambi afise Kandi yanaganiriye na Manager Kent-p bariko bakorana mu kumenyekanisha Ibikorwa vyiwe ngo harimwo gukorana Indirimbo n’abaririmvyi ba hano iwacu, barimwo abari muri Gospel canke abatari muri Gospel.
Mu kiyago na Alan the Real kuri Micro za Indundi Tv, uwo muririmvyikazi mushasha avuga ko Manager Kent p ngo yoba yarigeze gucisha mu kanywa amubaza ko yokwemera gukorana na Sat-b. Uwo muririmvyikazi ngo yaremeye, ariko Manager ntaco yabivuzeko vyinshi.
Yagize Ati ” “… Ego twokorana kuri ya Ntumbero nyene yo gutwara izina ry’Imana kw’isi hose. Igihe twariko turavugana ingene twokora, twariko turavuga ivyerekeye ama Featuring n’abaririmvyi bo mu gihugu cacu, ndavuga nti ndakeneye ko tuzokorana n’abantu bari muri Gospel n’abatari abo muri Gospel, arambwira (Kent-p) IL faut rero ko utora, arambwira wokorana na Sat-b? Ndamuraba, ndavuga uwu n’umutego canke?”
Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyikazi avuga ko umuririmvyi wese akora Indirimbo zisanzwe zitari izo guhimbaza no gutazira Imana, ngo barashobora gukorana mu gihe uwo muririmvyi yomukundira bagakorana Indirimbo ihimbaza Imana. Nkuko mwabisomye Aho haruguru, umugambi ngo n’ugukwiza isi yose IJambo ry’Imana.
Uwo muririmvyikazi uwo mugambi ukaba ubandanya kuko afise Indirimbo ziriko zirakorwa, ariko Kandi akaba afise n’iyo aheruka gusohora yitwa SENGA, yo ikaba iri ku rubuga rwiwe rwa YouTube.