IKIRUNDI_news

Kigingi yoba agiye gukora ibiteramo mu mahanga

Mugenzi Alfred Aubin benshi bazi nka Kigingi ngo ashobora kuba ariko arirukanga ngo akore ibiteramo bitandukanye hirya no hino kw’isi.

Muri Post yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram, uwo mugabo atwenza abantu yerekanye ibihugu bibiri, Amerika hamwe na Canada.

Uwo mugabo aheruka gukwa umukunzi wiwe Mataratara Marina I Kigali mu Rwanda, akaba yari yarigeze kugerageza gukora ibiteramo ku yindi migabane ariko bikaba bitari vyakunze.

Ariko Kigingi akaba amaze gukora igiteramo muri Ethiopie Hampande y’i Kigali ho hamaze kuba muhira.

Bamwe mu bafana babashije kugira ico bashikiriza bakaba bamuhaye ikaze, ariko hakaba hari n’abandi bamuhamagaye mu budage, kuko ngo nabo batamushaka.

Mwomenya ko ata makuru yatanze y’igihe ivyo biteramo biteguriwe, canke ibisagara bimaze kwemera kumwakira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 522