Imbibe Uburundi buhana n’igihugu kibanyi c’Urwanda gushika n’ubu ntizirugururwa n’ubwo ku mpande zompi bemeza ko imigenderanire iriko iranaguka. Ivyo biri uko mu gihe imbibe Uburundi buhana n’ibihugu vya Tanzaniya na Repuburika iharanira itwaro rusangi ya Congo zo zirengana ukuri kwamye.
Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego n’abamenyeshamaku hamwe n’abenegihugu cariko kibera ku murwa mukuru w’intara ya Karusi kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Gitugutu umwaka w’2021, Sonia Inès Niyubahwe avugira ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu no gufashanya mw’iterambere avuga ati :
“Imbibe z’Uburundi n’Urwanda zugawe kubera imibano mibi yibonekeje hagati y’ivyo bihugu. Kugira ngo urwo rubibe rwugururwe, Uburundi hari ivyo rwasavye Urwanda ariko bitarakorwa. Aha, muri ivyo harimwo gutanga abarundi bahungiye muri ico gihugu inyuma yo kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015”.