BurundiabavugizihomepageIKIRUNDI_newsJustice

Pierre Nkurikiye: “Bamenye ko ivyo bakora bihanwa n’igitabo mpanavyaha”

Hari itangazo riherutse gushikirizwa n’ishengero rya Katorika mu Burundi rivuga ko hariho abantu bariko baratanga “ishano” mu mpande zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Pierre Nkurikiye amenyesha ko ivyo ari ivyaha bisanzwe bitegekanikwe mu gitabo mpanavyaha mu rurimi rw’ikinofunofu bikaba vyitwa “empoisonnement” canke “épreuves superstitieuses”.

Pierre Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji avuga kandi ko mu bikorwa igiporisi c’Uburundi gisanzwe gikora hariho n’amadosiye bama bakorerako ajanye n’ivyo vyaha.

Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro abavugizi b’inzego bama bagirana n’abamenyeshamakuru n’abenegihugu ukwo amezi atatu aheze cariko kibera ku murwa mukuru w’intara ya Karusi kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Gitugutu 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301