5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiIr Peris Saxe Gateka yafashe urugendo rw’akazi muri Aziya

Ir Peris Saxe Gateka yafashe urugendo rw’akazi muri Aziya

Ir Peris Saxe Gateka uno musi ngo abarizwa muri Asia aho yagiriye urugendo rw’akazi nkuko tubikesha ikinyamakuru Humuriza TV International.

Uwo mutware akaba yakoze urwo rugendo mu ntumbero yo kuganira na rimwe mu mashirahamwe akomeye kw’isi afasha guhuza ibigo bikomakomeye kw’isi, arico Informatica.

Ico kigo nkuko ico kinyamakuru kibishikiriza, ngo nibo barondeye uburongozi bwa GASAPE Sn kuko babonye inkomezi urwo rubuga ruriko ruragira kw’isi.

Ntiharamenyekana vyukuri amasezerano bazogiriranira ico azoba agamije, ariko ikizwi coco nuko ico kigo gisanzwe gifise uburambe burebure ku bijanye n’ukubika amakuru (data), ariko kandi n’uguhinyanyura ibijanye n’imbuga zikoreshwa haba mu duhamagazo(telephone) canke muuri mudasobwa (Computer).

Urwo rugendo uwo mutwara akaba arukoze inyuma yaho Facebook igiriye akabazo, ariko kandi n’inyuma yaho urubuga rwiwe ruriko rushiramwo inguvu nyinshi kugira urwo rubuga rubashe kworohereza abakoresha urwo rubuga haba ku mbuga bisanzwe canke abarukoresha bakoresheje uduhamagazo.

Ayandi makuru twabashije kuronka ku muntu wa hafi y’abakorera muri Urwo rubuga, nuko Econet yoba yamaze kwemera gushiraho Bouquet ya GASAPE, nkuko hari Bouquet ya Facebook na Whatsapp. Akamo urwo rubuga rwari rwateye amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru, kakaba katanguye kwitabirwa.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...