5.5 C
New York
Thursday, December 9, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeIndundi Sports | Umugwi Urunani watahukanye igikombe citiriwe incungu utsinze Dynamo

Indundi Sports | Umugwi Urunani watahukanye igikombe citiriwe incungu utsinze Dynamo

 

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Gitugutu 2021, isaha umunani zo ku murango niho umugwi Urunani wari waramutse utana mu mitwe n’umugwi Dynamo mu rukino rwa nyuma rwa Finale rw’igikombe citiriwe incungu (Heros) cari catunganijwe na Fondation Burundi Pax ku ncuro ya 5.

Urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi y’amanota 79 y’Urunani kuri 39 ya Dynamo itandukaniro ry’amanota 40 yose ivyabonetse y’uko umugwi Urunani uriko ugarukana amateka yawo ya kera.

Inyuma y’urwo rukino kabaye akaryo ko gutanga ubushimwe kubitwaye neza.

Urunani washoboye gutahukana igikombe. Wahawe igikombe giherekejwe n’ibahasha ringana n’imiriyoni zitatu z’amarundi 3,000,000 hamwe n’imidari.

Umugwi wa kabiri ariwo Dynamo watahanye ibahasha ry’amafaranga imiriyoni zibiri z’amarundi 2,000,000 hamwe n’imidari.

Imigwi yafashe ikibanza ca gatatu n’ica kane ariyo Kerne na New Stars umwe umwe wahawe umuriyoni w’amarundi 1,000,000.

Ku ruhande rw’abigame naho , umugwi wa mbere ariwo Gladiators watahukanye igikombe n’ibahasha ry’imiriyoni zibiri 2,000,000 hamwe n’imidari .

Umugwi wa kabiri ariwo Young Sisters waronse umuriyoni n’igice 1,500,000 hamwe n’imidari.

Imigwi ya gatatu n’iya kane ariyo Les Gazelles hamwe na Messager Ngozi yatahanye ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu ( 750,000) umwe umwe.

Mwomenya y’uko urwo rukino rwa nyuma rwari rwitabiriwe n’abubahwa badasanzwe nka Honorable Révérien Ndikuriyo hamwe n’umutambukanyi wiwe, umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abandi batandukanye.

- Advertisment -

Must Read

Issa Jamal AKA Yoya ngo ari mu nzira

0
Issa Jamal benshi bamenye nka Yoya ngo yoba ari mu nzira, ivyo uwo muririmvyi akaba yabimenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Instagram muri iyi misi...