footballIKIRUNDI_newskirundi_Sports

# Indundi Sports | Umugwi Geita Fc waraye wirikanye Etienne Ndayiragije

 

 

Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije ntakibarizwa mu mugwi Geita Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania .

ku musi w’Imana igenekerezo rya 24 Gitugutu 2021 niho Etienne Ndayiragije yerekwa umuryango usohoka mu mugwi Geita Fc .

Intandaro ya vyose ni ukutitwara neza mu nkino z’ihigamwa ryo mu mu cicaro ca mbere muri Tanzania , aho mu nkino 4 yamenyereje uwo mugwi yatsinzwe 2 anganya 2 nta n’urukino ata n’urukino na rumwe yari amaze gutsinda .

Ndayiragije Etienne akaba yigeze kumenyereza imigwi ya LLBS4A, Vital’o Fc mu gihugu ca Tanzania imigwi ya Mbao Fc , KMC Fc hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania mugihe mu Rwanda yamenyereje imigwi ya Kiyovu Sports hamwe na Mukura VS.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 120