IKIRUNDI_news

Mutima le comédien impano yiwe ayisangije abandi

Ni umukinyi w’amareresi atwenza. Nk’uko wenyene avyivugira ngo ivyiwe ntivyari bihambaye cane kurusha abandi ahubwo n’Imana yamuteye agateka.

Uretse ko umukurikiranye biba ngombwa ko utwenge ahubwo harimwo n’impanuro zidasanzwe mu mareresi yiwe.

Kuva aho yatanguye gushira ahabona ibikorwa vyiwe abicishije kuri Indundi Tv amaze kwunguka vyinshi. Abamukurikirana (aba fana) baguma biyongera, amashirahamwe n’abikorera utwabo baguma bamwizera ku ruhande rwa publicité mu kumenyekanisha ibidadazwa vyabo, ukwo kuntu abibonamwo inyungu niyo mpamvu adashima kuvyigungirako.

Arahamagarira uwo wese yumva ko afise iyo mpano ko yomwegera bagakorana mu murwi yise ( Mutima junior), numéro za téléphone umuronderako yazishize ahabona.

Garagaza nawe impano yawe hamwe na Mutima le comédien.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 354