Ata gihindutse ngo ino ndwi canke iyikurikira ngo abantu barabona ico Apostle Jean Paul, uno musi abazwa ivya FEBABU, yemeye ko hari ikibuga c’umupira w’amaboko Basketball kizubakwa mu misi mike cane.
Mu kiyago yagiranye na Jimbere Magazine, yavuze ko hari amasezerano abakunzi b’umupira w’amaboko bazobona muri ino ndwi, ayo masezerano akaba azoba ashizweko umukano n’iryo shirahamwe hamwe n’irindi shirahamwe aho hazobonekamwo amafaranga amwe azofasha mu bijanye n’ukwubaka ico kibuga.
Yagize ati : “Mu masezerano tuzosigna muzokwumva harimwo igice kimwe c’amafaranga agenewe kwubaka ikibuga. Ikigira kabiri kwari ukubanza guca turondera Terrain, kuko harimwo ibiharuro, terrain aho twayivugiyeko murabizi ko ari terrain ya Ministere, tukabanza kwumvikana. Ubu rero naho nyene ivyiyumvuro vy’ikibuga bigeze kure cane. Hariho n’abandi turiko tura Moboliza hirya no hino, nk’abahinga bajejwe kuduha architecture, aho twasanga wanagomba itazimbutse idusaba imiloyoni 12 kugira ngo tugire un devis iri quantitatif kugira bigende neza.”
Muri ico kiganiro nyene Apostle akaba yanaboneyeho akaryo ko gutera akamo uwo wese afise ico yoterera ko akoryo ari aka kuko atari ku nyungu z’umuntu ubwiwe ariko ari inyuma z’abana b’igihugu muri rusangi. “ Dusaba abntu bose boba bafise ivyiyumviro boba bafise ivyiyumviro, babona ikintu bashobora guterera, c’est pas pour moi, c’est pour inyungu z’abana b’igihugu n’abantu bashobora kubikuramwo umutahe canke iterambere rikuze kandi rirama. ”