IKIRUNDI_news

B Face yavuze ku bikura mw’ihiganwa Platformshows awards

Mu gihe hagize imisi hibonekeza abaririmvyi n’aba Dj batandukanye basaba gukurwa mw’ihiganwa rya Platformshowawards 2021, B Face we s’uko ababibona naho nawe atahawe amasezerano nkuko vyahora bigenda mu yandi mahiganwa aba yatumiwemwo.

Mu kiganiro yagiranye na Magic Chanel Tv, uwo  muririmvyi yavuze ko kuba bamushize mw’ihiganwa ngo ari ikimenyetso ko hari ibikorwa vyiza yakoze kandi babishimye. “ Je ku bwanje intuze yose (Competition) ni Cv, untora utantora ntaco bintwaye kandi ushimye n’ivyo nakoze nanje naryoherwa kuko simba ndiko ntamba nirorera.”

B Face ngo ntawe acira urubanza kuba yarikuye mw’ihiganwa kuko buri muntu agira uburenganzira bwiwe, nawe ngo iyo yumva bitamuryoheye yari gusezera, ariko akavuga ko atabwiwe ikintu na kimwe imbere yo gushirwa muri iryo higanwa, ico n’abandi bavuze ko bagaye iryo higanwa. “Nta kintu na kimwe bambwiye, mugabo ahandi hose nagiye mu mahiganwa, ndibuka ko banyandikira kuri Mail canke inbox, bati Contrat ngiyi, signa ngaha ko uriko urahiganwa.”

Uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi wa Kora ngo we ukwo kutagira ico babwira abariko barahiganwa ngo ashobora kuba ariwo mukenyuro w’abariko bategura Platformshows awards 2021.

Mwomenya ko uwo muririmvyi avuga ko afise ama Awards ashika 7 amaze gutsindira, hamwe n’impapuro z’umutsindo (Certificats) zirenga 10 amaze guhabwa n’ababa bashimye ibikorwa amaze gushikako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 51