5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeIKIRUNDI_newsDouble jay ngo ni Messi wa Buja Fleva

Double jay ngo ni Messi wa Buja Fleva

Inyuma yaho Lionel Messi afatiye ikibanza ca 1 mu bo bariko bahiganirwa wa mupira w’inzahabu, na hano iwacu umunezero wamubonetseko I Paris mu Bufaransa warahashwaye kuko hari bamwe batanguye guhindura amazina.

Umuririmvyi Double jay, umwe mu bakunzi b’umupira w’amaguru wa hano iwacu, amaze kwumva iyo nkuru y’akanyamuneza, yavuze ko akwiye kwongerako akandi kazi kuyo bari basanzwe bamwita ako nako akaba yavuze ko ari Messi.

Yagize ati : “Numva Nshaka kwongerako ku mazina canke amatazirano yanje izina Messi. Kuva uyu musi mu mazina yose munyita hiyongereyemwo Messi wa Buja Fleva.”

Ntiharamenyekana vyukuri icoba cabitumye, Double jay ari mu baririmvyi bakunzwe cane muri ino misi afata ingingo yo kwiyita Messi wa Buja Fleva.

Mwomenya ko atabaye we wenyene yaryoherewe ico kibanza ca Messi kuko hakwirakwijwe amashusho y’igishobora kuba ari Status za Whatsapp za Big Fizzo, aho nawe yaryoherewe ico kibanza ca Messi.

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...