5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeIKIRUNDI_newsLionel Messi yagwaye inyuma y’ugutwara Ballon d’Or

Lionel Messi yagwaye inyuma y’ugutwara Ballon d’Or

Mu gihe aheruka gutahukana umupira w’inzahabu “Ballon d’or”, Lionel Messi ngo kuri uyu wa kabiri ntiyabonetse mu myimenyerezo y’’umugwi akinamwo PSG.

Ayo makuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya avuga ko uwo mukinyi ngo yoba yagize ikibazo co mu nda, bituma asiba igikorwa adakunze gusiba kiretse ivyo vyanse gose.

Kubera ingwara yagwaye, Gastro –enterite, ngo imikino uwo mugwi wimirije gukina, ngo birashoboka ko uwo mukinyi atazoboneka mu kibuga.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Neymar nawe agiriye isangaya ari mu rukino rwabahuje na Saint Etienne kuri uyu w’Imana, none akaba ashobora kuzomara indwi ziri hagati ya 6 na 8 atari mu kibuga.

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...