IKIRUNDI_news

Dady Face yahinduye umukenyuro| ivya be na Fizzo bimaze kumenyekana

Ni umurundi akorera umuzi wiwe mu mahanga neza na neza muri America.

Ugerageje kuraba indirimbo ziwe akunda kuririmbana n’abaririmvyi bo muri Tanzania akarorero ni indirimbo yaririmbanye na Dully ,Amissa Mobeto na Nandy nubwo indirimbo yabo ikiri mubutungane.

Kuva igenekerezo rya 10 Kigarama 2021 abarizwa mu gihugu c’Uburundi
avugana n’ikinyamakuru Indundi Magazine yavuze ko azanywe no kuramukanya kuko yarakumbuye i gihugu c’amavukiro, nayo
ikindi azosubira inyuma akoranye indirimbo n’abaririmvyi batandukanye bo mu gihugu, nubwo atashimye gushira ku mugaragaro abo bazokorana.

Ariko vyamenyekanye ko indirimbo yiwe arikumwe na Big Fizzo izosohoka ku musi wa gatanu igenekerezo rya 24 Kigarama 2021,
hagati yaho hari indirimbo ariko arakorana na Double Jay ataramenyesha ryari azoyisohora.

Akamenyesha ko akiri hano mu gihugu azosubira inyuma aharanguriye vyinshi tuzobibona tureke ibikorwa vyivugire.

Tubandanye tumuha ikaze tunamwipfuriza kuroranirwa mu bikorwa vyiwe vyo kumenyekanisha Uburundi mu makungu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 51