5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomefootballNeymar yahawe amasezerano na Facebook gaming

Neymar yahawe amasezerano na Facebook gaming

Mu gihe imbuga-hwaniro zitandukanye ziriko zirakora ibishoboka vyose ngo biyegereze abantu benshi bashoboka, Neymar naho yavunitse, we yironkeye agafaranga muri urwo rugamba rukaze.

Guhera kuwa 17/12 umukinyi wa PSG, Neymar Junior yaratanguye gukina uwundi mukino akunda akoresheje Facebook gaming. Uwo musi nyene ni nawo musi yashira ahabona ko yahawe amasezerano na Facebook kugira azohore ariho acisha inkino ziwe honyene.

Uwo mukinyi asanzwe muri kino gihe ari mu karuhuko kubera uguhinyagara, yari asanzwe acisha izo nkino ziwe bakinira kuri Internet ku rubuga rwa Twitch, rusanzwe narwo ruriha neza abakinyi co kimwe n’abandi bashirako ibintu vyabo.

Tukaba tutabashije kumenya neza ikiringo ayo masezerano azomara, ariko bikaba bizwi ko uwo musore ari mu bakinyi bakunda cane kwerekana izo nkino bakina kuri izo mbuga.

Mwomenya ko amakuru ahari avuga ko Neymar azosubira mu kibuga mu mwaka uza wa 2022, kubera iyo mvune yiwe.

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...