IKIRUNDI_news

Vivi Muyomba na Linah isango baduhaye ryabaye ntabanduka

Indirimbo isezerera umwaka niyo bari batwemere ko vuba bayishira ku mbuga tuyirabire. Twibukanye ko bompi basanzwe ari umugore n’umugabo kenshi bakunda kuboneka mu bibanza bivugirizwamwo umuziki w’ikibiriraho (music Live) baranaheruka kuronka ikibondo inyuma y’igihe kirekire babana.

Indirimbo “Umurondo” ikozwe mu majambo meza y’urukundo ubona neza n’amasanamu ko yafashwe Linah akicibungeze ubu umwana akaba afise hafi amezi ane.

Igenekerezo rya 24 Kigarama 2021 niryo sango bari baduhaye ko bashira ahabona iyo ndirimbo, nayo ubu ikaba ibarizwa ku rubuga rwa youtube kuri chaîne ya Vivi Muyomba.
Myarukirayo nawe wirabire indirimbo nziza iryohera amatwi
ndetse unabashigikira mw’iterambere ryabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 340