5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeIKIRUNDI_newsLydia Aranse ko indirimbo yiwe igenda akagirire

Lydia Aranse ko indirimbo yiwe igenda akagirire

Amazina yahawe n’abavyeyi ni Lydia Uwikunze akaba ari umuririmvyikazi akongera akaba n’umumenyeshamakuru, izo mpano ziwe zose akaba azikoresha ukuri kwamye.

Indirimbo yiwe” Ubarikiwe” niyo yatumye agaragara cane mu bantu n’igikundiro kirongerekana, yaranatumye afata rutemabirere yerekeza mu gihugu ca Kenya.

kubwiwe ngo muri ico gihugu baramweretse urukundo rudasanzwe mugushigikira impano yiwe nayo uburyo bw’amafaranga yaharonkeye arashima Imana kuko bwaramugiriye akamaro mu buzima na cane cane muvyokuriha ishure.

Nubwo biri uko iyo ndirimbo akiyisohora benshi ntibavyemera ko ari umurundi yayirimvye bagiye barabimenya bukebuke
mu biganiro yagenda arakora.

Iramaze imyaka itari mike isohotse none ngw’agomba ayikorere Rmx,
igenekerezo rya 27 Kigarama 2021 n’umwaka utararangira azoba yayishize ku mugaragaro indirimbo yiwe “Ubarikiwe Remix”

Ico asaba ni ukubandanya mu mushigikira ngo ivyiza birimbere kuri youtube ni Lydia uwikunze.

 

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...