IKIRUNDI_news

Bernice thé Bell: Isango yatanze ririko riregereza

Umwaka 2021 Bernice thé Bell umuririmvyikazi w’umunyakaranga gusohora indirimbo ntivyari ikirenga ahubwo yagiye araboneka mu biteramo bitandukanye ndetse no mumahiganwa.

 

 

Thé Bell yarizewe no mu bikorwa vya ONU femmes mu kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi babicishije mu gahogo.

Hambavu yivyo yarabonetse muri Marahaba Festival, fête de la music,no mw’ihiganwa ryateguwe na Brarundi Primustar yarabaye muri 10 bambere

Ntiyagarukirije ngaho yaciye aboneka hafi amasaha abiri ari kuri stage aho ni mugihe yariko arashira album yiwe kumugaragaro yitiriye Iwacu vyabereye mu kigo ndanga muco C’abafansa IFB.

Ikiganiro yagiranye na indundi Magazine yamenyesheje abakunzi biwe ko bo mwitega mu kwezi kwa mbere 2022 vidéo y’indirimbo yiwe Amayaya iri muri Album yiwe azoyishira k’umugaragaro.

Kandi ngo bamwitege uwo mwaka 2022 nyene hari vyinshi abateguriye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 340