kuvaho Saido Ntibazonkiza agiriye mu mugwi Young Africans abarundi batari bake baciye batangura gukurikirana umupira wo muri Tanzania mbere benshi bakaba baciye bagura Décodeur za Azam Tv kubera uwo mukinyi w’umurundi .
Ivyo uwo mukinyi w’umurundi akaba yabivugiye mu kiganiro yakoranya na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania .
Mwomenya ko Saido Ntibazonkiza kuvaho aviriye mu mvune atarasiba n’urukino na rumwe , akaba ari umwe mu bakinyi bafatiye runini umugwi Young Africans uri mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania .
Bikavurwa ko umugwi Young Africans uriko wiyumvira kumwongereza amasezerano kugira abandanye awukinira narirya amasezerano yiwe azorangirana n’umwaka buca dutangura .