Entertainmententertainment PromotedhomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Meili ahamagarira abaririmvyikazi kuba nka Natasha

Ni umuririmvyikazi benshi bamenyereye mu muziki w’ikibiriraho ( live music)
yamara nta gihe kinini amaze yafashe umwanzuro wo gusohora indirimbo ziwe bwite.

Tuvuze ko atarahusha uko asohoye indirimbo ntitwoba dushikuje namba, akarorero ni indirimbo yiwe “Arabesha” ikibandanya inyengetera mu bakunzi b’umuziki ndundi.

Ejo haheze, igenekerezo rya 29 Kigarama 2021 vyaranse ko yigumya araserura ikiri kumutima. Mu majambo yanditse agira ati: “Nagira mfate akanya imbere y’uko umwaka urangira nshimire uno muririmvyikazi Natasha Burundi ku bikorwa vyiza abandanya yerekana bituma abigeme turi inyuma twiyumva inkomezi zidasanzwe bigatuma tubonako ivy’uko umwigeme adakwiye kuboneka mu muziki ari ivyataye igihe”.

Yarangije anavunira akagohe abaririmvyikazi bagenziwe agira ati: “Abigeme dukore cane haboneke ba Natasha benshi twitanga tunakunda ivyodukora twubake ishusho nziza k’umuziki w’Uburundi.”

Ubwo nibwo butumwa bwa Meili yashoboye gushikiriza. Tubibutse Ko na Natacha Burundi ubwiwe yagize icavuze muri commentaire, yamushimiye cane Meili aranavuga ko yahora amukunda ariko aciye amukunda kurusha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 41