BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Big Fizzo na Dj Saido ngo bamaze gusubira mu gikoni

Inyuma y’indirimbo Umudodo ya Big Fizzo twabonyemwo umuvanzi w’umuziki (Dj) Saido, ngo hari ikindi gikorwa gishasha kiri inyuma kiriko kirategurwa.

Iyo nkuru nziza ku bafana ikaba yatangajwe ku mbuga zitandukanye z’abo uko ari babiri, mbere n’iz’abafana babo. Ivyo kandi bikaba bishikirijwe mu gihe duheruka kubona ko umuririmvyi Mugani Desire yari yakubitiye mu Bufaransa, aho yabonetse ari kumwe na Dj Saido.

Iyo ndirimbo ntawuzi ko yamaze guheza gukorwa, ko ikiriko irakorwa, canke yoba itaranatangura gukorwa.

Imbere y’uko bashikiriza ibi, umuririmvyi Mugani akaba yari yashize ahabona ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha zinakurikirwa n’abatari bake ko hoba hari iyindi ndirimbo izoshirwa ahabona, iyo nayo ikaba ari indirimbo yahawe akazi ka Hangama.

Mwomenya ko uwo muririmvyi Mugani Desire muri kino gihe abarizwa ku mugabane wa uraya aho yagiye mu karuhuko n’umuryango wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 192