BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Urubuga rwa Youtube rw’umuririmvyi Berry Music rwibwe

Urubuga rwa youtube rw’umuririmvyi Berry Music ngo rwaribwe n’abantu bataramenyekana, ubu akaba ari akababaro ariko ngo abahinga bari ku kivi.

Mu gihe abakunzi b’ibikorwa vy’uwo muririmvyi bari barindiranye igishika cinshi indirimbo yiwe ku musi w’ejo, uwo muririmvyi yasangije abamukurikirana ku mbuga zitandukanye akoresha ko bitagikunze, kuko urubuga rwiwe rwa Youtube atabasha kugwinjiramwo.

Muri ubwo butumwa, berry akaba yasavye abantu kwihangana, kuko hari abariko barafasha abantu gukemura ico kibazo, kugira urwo rubuga rusubire kandi gukoreshwa ukuri kwamye.

Uwo muririmvyi akaba yagira ashire ahabona akaririmbo kiwe yise MA, kari karindiranywe igishika cinshi ubona ko yaramaze imisi adashira ahabona igikorwa na kimwe.

Mwomenya ko indirimbo yiwe ya nyuma yaheruka gushira ahabona ari Helena, nayo ikaba ifise Views zirenga gato Views 89,000, ikaba ariyo ifise Views nkeya ugereranije n’uko izindi 3 ziri kuri urwo rubuga zimaze kurabwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 202