footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

Indundi Sports | Umukinyi Cedric Amissi yaguzwe mu mugwi AL QADISIYAH FC

 

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Cedric Amissi yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa AL QADISIYAH FC ukina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Arabie Saoudite.

Uwo mugwi ukaba uri mu kibanza ca 12 n’amanota 27 mu nkino 21 umaze gukina.

Cedric Amissi akaba yigeze gukinira imigwi itandukanye ya hano iwacu nka Inyange Fc , Elite Fc , Prince Louis , mu gihugu c’Urwanda yakiniye umugwi Rayon Sports muri Mozambique yakiniye umugwi wa Chibuto muri Portugal yakinye muri Uniao Madeira mugihe muri Arabie Saoudite yahora akina mu mugwi wa Al taawoun.

Mwomenya y’uko Cedric Amissi yahora ari umwe mu bakinyi ba Al Taawoun bari batangura mu kibuga ariko bikaba birangiye agiye mjri AL QADISIYAH FC.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 245