BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Big Fizzo azoja muri Tanzania canke i Paris? 

Naho abantu umunezero ari wose kubera abaririmvyi 2 b’abarundi babonetse mu gitigiri c’abaririmvyi bazoboneka mu giteramo c’umuririmvyi Harmonize wo muri Tanzania, ngo hoba harimwo ikibazo.

Umuntu aravye iryo genekerezo ryagonganiyeko ibiteramo 2, umuntu aribaza nimba vyukuri Big Fizzo yarabajijwe, kuko gushika ubu ntaco arabivugako.

Ivyo bikaba bihuye n’ivyo abaririmvyi batandukanye muri Tanzania bagiye bavuga ko nabo batigeze baganirizwa imbere y’uko bashirwa kuri iyo cover, kuko n’abo kuri uwo musi bafise ibindi bikorwa.

None Big Fizzo azohava ahitamwo igiteramo ikihe? Ico muri Tanzania canke ico mu Bufaransa yamaze kugira ico akivugako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 194