HomeBurundiDj Jackson ngo nta wari akwiye gutwenga Amagaba

Dj Jackson ngo nta wari akwiye gutwenga Amagaba

Mu gihe umugwi ndangakaranga Amagaba, umugwi wabo uvuza Ingoma uri mu bihano, abatari bake bagize ico bashikiriza kuri ivyo vyabashikiye, aho abatari bake babasabira ibihano, ariko abandi bakabasabira guhanurwa.

Dj Jackson asanzwe ari umwe mu barabira hafi ivy’umuziki, ariko kandi akaba na Manager na Nyene Bukiv label, nawe yagize ico abavugako.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook yihanganishije uwo mugwi washizwe mu bihano vy’amezi 6 batavuza ingoma. Ariko kandi anavunira akagohe abandi ko ata mugabo adakosha.

Yagize ati : ” Pole sana Amagaba na Buja Sans Tabous, iyi monde ya Créativité ni imbugita ikata hose hano iwacu I Burundi. Nayo umugabo mbwa atwenga mugenziwe ari mu bibazo. (Nta mugabo adakosha).”

Mukibuka ko bari babahoye ko bavugije Ingoma bambaye amakoti, umwambaro utambarwa n’abatimbo mu bisanzwe.

 

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...