BurundiAyagezwehohomepageIKIRUNDI_news

Hemejwe integuro y’imbwirizwa rigiye kugenga ukwiyunguruza n’indarayi

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Ruhuhuma2022, inama nshingamateka yakoranye irongowe na Nyeniteka Gélase Ndabirabe aho abashingmateka bari baramutse barabira hamwe integuro y’ibwirizwa ryari rivuye mu nama nkenguzamateka rijanye no gushiraho amategeko azogenga ukwiyunguruza no gutumatumanako hifashishijwe inzira z’indarayi.

Amaze kuraba ko igitigiri c’abashingamateka gisabwa gikwiye Gélase Ndabirabe akaba yaciye aha ijambo abashingamateka bo mu murwi wize iyo nteguro bashikirize icegeranyo.

Bamaze gushikiriza ico cegerenyo bakaba baciye bahanahana ijambo kugire bemeze ivyakozwe n’uwo murwi.

Igikorwa cabaye mu kanya gato kuko vyaboneka ko ivyo abashingamateka bo murwi babihurizako cane.

Iyo nteguro y’igitabu kigiye kugenga ukwiyunguruza no gutumatumanako hifashishijwe inzira z’indarayi ikaba yemejwe ijana kw’ijana n’abashingamateka bari bari aho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 196