BurundiAyagezwehoEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Inyuma y’iduzwa ry’igiciro c’igitoro, hadugijwe igiciro co kwiyunguruza

Igiciro co kwiyunguruza ku baja mu gihugu hagati canke abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, ibiciro vyadugijwe ku rugero rungana n’ibice 12,63 kw’ijana nk’uko ari narwo rugero igiciro c’igitoro cadugijweko.

Umushikiranganji w’ubudandaji, ukwunguruza abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi amenyesha ko ivyo biciro ari ntabanduka kandi bigiye kwubahirizwa haba ku biyunguruza mu ntara zo hagati mu gihugu ndetse no mu gisagara ca Bujumbura, aho ico giciro c’itike congeweko amafaranga 50 ku biyunvuruza na “bus” mu gisagara ca Bujumbura baja mu makaritiye n’ayo mu ntara hagati hiyongerako guhera ku gihumbi bivanye n’ahari ibituro ingendeshwa zishira.

Mwomenya ko iyo ngingo y’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ukwunguruza abantu n’ibintu ije ivuguruza ibikorwa vy’umugwi uva muri ubwo bushikiranganji nyene, wari washinze ko igiciro co kwiyunguruza na “bus” mu gisagara ca Bujumbura cokwongerwako amafaranga ijana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 195