BurundiIKIRUNDI_news

Pierrot Kwizera ubu abarizwa muri Rayon Sports

Abafana b’umurdi Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda bari mu kanyamuneza ntangere inyuma yo gushikana muri uwo mu rwi Pierrot Kwizera.
Pierrot ni umukinyi akina mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba.


Kwizera akaba afise imyaka 30 y’amavuko akaba yahora akinira umurwi AS Kigali umurwi biterira uw’abanyamuji kuva mu mwaka wa 2019.
Amakuru ava muri ico gihugu amenyesha KO yahawe amasezena y’imyaka ibiri yo gukingira uwo murwi ukunzwe cane n’abanyarwanda benshi bari mu buzima bubayabaye bakunzwe kwita Rubanda.
Mwomenya ko Pierrot yaje mu Rwanda avuye mu murwi Al-Oruba SC wo mu gihugu ca Oman kuva muri 2018-2019 akaba yahakinye umwaka umwe gusa, mu nyuma yungururiza AS Kigali kuva 2019 akaba ahavuye Ruhuhuma 2022 yerekeza muri Rayon Sport.

Igiciro canke ibigize amasezera tukazobandanya tubitohoze duheze tubibamenyeshe.
Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ikaba imwifurije kugira ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 92