footballIKIRUNDI_newskirundi_Sports

# Indundi Sports | Abakinyi bazoba bafatanwe uburozi mu kibuga bagiye kuza barahanwa

 

 

Ivyari biteye isoni mu kibuga bigiye gutuzwa , ivyo navyo si ibindi ni ugukoresha amarozi mu kibuga .

Hari ku musi w’agatatu i genekerezo rya 09 Ruhuhuma 2022 kuri CTN mu ngagara , aho hari haramutse haba tombola y’ingene imigwi igiye guhura mugice ca 16 gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu.

Uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru CP Muyenge Alexandre yafashe ijambo ashikiriza ibitari bike bitabereye vyama bikorwa mu kibuga , aho yashoboye kwiyamiriza abama bakoresha uburozi mu kibuga mugusaba igisata kijejwe indero y’uko cofata ingingo ibereye muguhana abakoresha ivyo birozi .

Ikindi yashoboye gushikiriza ni ukwanka kuja mucumba co kwambariramwo imyambaro aho benshi usanga banka kujamwo canke bagaca kumuryango utemewe n’amategeko kubera kwizera ivyo birozi.

Mwomenya ko ivyo vyose vyari vyiyamirijwe n’uwahora atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Réverien Ndikuriyo .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 118