HomefootballIndundi Sports | Urukino rwanyuma rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu ruzokwakirwa i Buganda

Indundi Sports | Urukino rwanyuma rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu ruzokwakirwa i Buganda

 

 

 

Abanya cibitoke baraye bashikiriwe bazokwakira urukino rwanyuma rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu .

Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2022 kuri CTN , aho uwutwara ishirahamwe ry’Umupira w’amaguru mu Burundi CP Muyenge Alexandre yari yakoranije abatwara imigwi yaronse uburyo bwo kurengana mu gice ca 16 gishira icanyuma kugira barabe ingene bokora tombola y’ingene imigwi izohura .

Muvyo yashikirije CP Muyenge Alexandre yavuze ko urukino rwanyuma  Finale ruzokwakirwa I Buganda ku kibuga Urunani mu Ntara ya Cibitoke bivanye n’uko ico kibuga ata musi n’umwe kirakira urwo rukino .

Ako kazoba ari akaryo keza ku migwi ya Bumamuru na Rukinzo isanzwe yakirira kuri ico kibuga niyaramuka ironse amahirwe yo gukina urwo rukino .

Mukibuka ko Umugwi Bumamuru ariwo watwaye igikombe c’umukuru w’igihugu giheruka .

 

 

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...