BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Ikindi giteramo Big Fizzo azobonekamwo ku mugabane wa buraya

Inyuma y’igiteramo kiriko kirategurwa mu bufaransa kizoba igenekerezo rya 5/3 c’umuririmvyi Mugani Desire, hamenyekanye ikindi buca akorera kuri uyo mugabane nyene. 

Inyuma y’indwi 2 gusa akoze igiteramo mu bufaransa, Big Fizzo azoca yerekeza mu gihugu c’ububirigi gukorerayo ikindi giteramo azohuriramwo n’umu Mc w’umunyarwanda akaba n’umumenyeshamakuru Anitha Pendo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, nuko ico giteramo kizohuriramwo abarundi n’abanyarwanda ngo coba cari kimaze igihe kitari gito kiriko kirategurwa ariko bikanka ko kiba kubera ikibazo ca COVID-19.

Mukibuka ko Mugani ariko aranavugwa mu giteramo kizobera muri Tanzania kwi genekerezo rya 5/3, ariko we akaba ata kintu na kimwe arabivugako, bikaba bishobora ko ataco bigeze bemeranya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 202