East Africa NewsAyagezwehohomepageIKIRUNDI_news

RD Congo igiye kwinjira mu muryango wa Africa y’ubuseruko

Igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Congo isigaje gato ngo yemezwe kuba kimwe mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Iyo ntambwe ya nyuma irindiriwe, ikaba izoterwa n’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango muri uku kwezi kwa ruhuhuma, aho bazoba baramutse bagira inama yama ibahuza.

Iyo ntambwe izoba ikurikiye iyemererwa kwinjira muri uwo muryango n’abashikiranganji bo muri ako karere, hari mu nama yabahuje yabereye i Nairobi hakoreshejwe ubuhinga bwa none.

Mukamenya ko ico gihugu catanguye gusaba kwinjira muri uwo muryango mu mwaka w’2019. Inama izobaha uburenganzira bwo kwinjira muri uwo muryango ikaba yitezwe mu ndwi nka 2 ziri imbere. Bakaba bazoba basanzeyo ibihugu nka Kenya, Uganda, Tanzania, Urwanda, Uburundi, na Sudani yo mu bumanuko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186