HomeIKIRUNDI_newsAyagezwehoUdukingirizo duteje ibibazo muri Tanzania

Udukingirizo duteje ibibazo muri Tanzania

Imiyabaga muri Tanzania ngo nticerekwa gukoresha udukingirizo, ahubwo bakoresha imiti kugira bikingire, ivyo navyo bikaba biteye impungenge cane abashingamateka muri ico gihugu.

Nk’uko amatohoza aheruka gukorwa avyerekana, ngo abakobwa bari hagati y’imyaka 14 na 24 muri Tanzania bakoresha cane ibinini n’iyindi miti ibafasha kudasama gusumba gukoresha udukingirizo tubafasha no kwikingira izindi ngwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.

Iyo nyifato ari nka hamwe idahindutse ngo ishobora gutuma umugera wa SIDA wiyongera cane gusumba muri ico gihugu gisanzwe gifise abagwaye uwo mugera barenga 1,700,000 mu barenga 60,000,000 basanzwe baba muri ico gihugu.

Abashingamateka bakaba basavye ko abadandaza iyo miti yo kudasama, n’iyindi miti abakobwa bakoresha ngo boza baratanga udukingirizo ku buntu.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...