HomeEntertainmentZinedine Zidane yasabwe n’abafana kuterekeza I Paris

Zinedine Zidane yasabwe n’abafana kuterekeza I Paris

Zinedine Zidane yaruciye ararumira imbere y’abanya Marseille bariko bamusaba kuterekeza ku mugwa mukuru. 

Mu gihe Zinedine Zidane abandanya avugwako cane kuba ari mu nzira yo kuba umumenyereza w’umugwi PSG, uwo mugabo nta kintu na kimwe ashima gushikiriza kuri ico kibazo, na rirya uwuvugwa ko azosubirira ariko yitegurira imikino y’igice c’8 gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Champions League.

Aho yari umutumire I Marseille aho bari baramutse bashira ahabona ikibanza bavuriramwo abakinyi mu gace kitwa Castella. Uwo mumenyereza uno musi ata mugwi umufise mu ntoke yasabwe n’abafana batari bake b’umugwi wa muri Marseille wanavuzwe kuba uriko uramurondera kwemera kuguma iwabo, ubona ko ari naho asanzwe avuka.

Uwo mugwi wabimusavye ukaba wamusavye kutemera ivyo umugwi w’abanya Qatar, PSG, uriko uramusaba ko yoja kuwumenyereza.

Mukamenya ko naho bitaraja ahabona, bivugwa ko uwo mumenyereza ashobora kuba afise mw’isaho abakinyi 2 aribo Cristiano na Benzema ashobora kuzogenda ajanye muri uwo mugwi wa PSG ari nka hamwe bikunze ko bamutwarayo.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...