Basketballfrench_SportIKIRUNDI_news

Road to Viva basketball| Ibintu bitanguye gushuha

Mu nkino zo gukurakuranamwo mu kurondera itike ryo kwitabira ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye Viva basketball League, ririko riba mu gihugu cose kuva kw’igenekerezo rya 29 nzero 2022, rikazorangira ku magenekerezo ya 26 Ntwarante uwo mwaka nyne wa .

Iryo higanwa rikaba rizokwitabirwa n’imigwi 6 yo mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yo mu gihugu hagati.

Uku nikwo imirwi yatsindanye.

-Urunani 95-81 Mutanga United
-New Star 72-64 Muzinga

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 13/02/2022

-Gymkhana 73-74 Les Hippos
-Remesha 61-53 Kern

Hakaba na zimwe mu nkino zabaye mu gihugu hagati nko ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 12/02/2022.

-Brothers team 61-44 Imbeya.

Inkino zikaba zizobandanya ku musi wa gatandatu no ku musi w’Imana igenekerezo rya 19 na 20 zukwezi kwa kabiri 2022.

Indundi Magazine mugisata cayo ca Sports ikaba ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 12